Ikintu conyene gishobora gukingira inzego z’Uburundi ni uko zotunganya ibiganiro bidakumira. Bivugwa na Alexis Sinduhije, arongoye umugambwe MSD. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye asabiye igihugu c’Uburusiya gukingira inzego z’Uburundi. Hari mu nama yahuje umukuru w’Igihugu c’Uburusiya n’abakuru b’Ibihugu vyo muri Afrika. Sinduhije ahanura abarongoye Uburundi kugaruka ku nzira y’ibiganiro Uburundi bwarazwe n’intwari za Afrika Mandela na Nyerere.
Amakuru
5 août 2023