Ibiganiro hagati y’abashamirana muri Congo bizosubira kuva itariki 16 Munyonyo i Nairobi muri Kenya. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe mu nama yabaye i Bujumbura mu mpera z’indwi iheze hagati ya Evariste Ndayishimiye, arongoye inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, na Uhuru Kenyatta, umufasha w’umuhuza mu matati ya Congo. Bakaba baganiriye ku kibazo c’umutekano mu buseruko bwa Congo. Bakaba bashimikiye ku nzira ya politike kugira ico kibazo gitorerwe umuti urama. Itangazo ry’iyo nama rikaba ryasomwe na Peter Mutuku Mathuki, Umunyamabanga mukuru wa EAC.
Amakuru
7 novembre 2022