Amakuru
8 octobre 2021

Inzira iracari ndende kugira Abarundi barekuriranire burundu

Abarundi bamwe bamwe ngo baracafitiye akazikira abandi. Musenyeri Georges Bizimana, arongoye umurwi ujejwe ubutungane n’amahoro mu nama nkuru y’Abepiskopi mu Burundi, akabona ko intambwe rero ikiri ndende mu gusubiza hamwe. Yabishikirije kuri uno wa kabiri aho uwo murwi wariko ushikiriza ivyo waranguye mu myaka itatu irangiye. Musenyeri Georges Bizimana avuga kandi ko mu vyaranguwe bashoboye gutsimbataza intahe yo ku mugina.