Amakuru
25 juin 2024

Inzigo ni kimwe mu biri muri kamere ka prezida Ndayishimiye kuva kera (L. Hatungimana)

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye ni umuntu afise inzigo. Bivugwa na Léonidas Hatungimana, umwe mu bo bagendanye igihe umuhari wa CNDD-FDD wari mw’ishamba ukiri umurwi witwaje ibirwanisho. Yabivugiye mu kiganiro « Agahaze » ca FOCODE co ku munsi w’Imana uheruka. Amenyesha ko kuva kera iyo azi ko umuntu azi intege nke ziwe, Evariste Ndayishimiye aca agerageza kumutoteza.