Amakuru
8 juillet 2021

Inzego z’iperereza zo muri kano karere zari zikwiye gukorana ziga ingene zotorera umuti ingorane ya politike mbi iri mu karere ituma abantu bahunga

Inzego z’iperereza zo muri kano karere zari zikwiye gukorana ziga ingene zotorera umuti ingorane ya politike mbi iri mu karere ituma abantu bahunga. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, yohoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, inyuma y’aho inama y’abarongoye inzego z’iperereza zo muri bino bihugu vyo mu karere yari imaze iminsi ibiri ibera mu Burundi. Frédéric Bamvuginyumvira akibutsa ko imirwi yitwaje ibirwanisho yagiye iravuka muri kano karere yavuka kubera hari impunzi zirukanywe mu bihugu vyazo zaba ziriko zirondera gutaha iwabo.