Ibikorwa vyo kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta bikwiye gukorwa n’inzego zitegekanijwe n’amategeko. Bishikirizwa na Keffa Nibizi, umukuru w’umugambwe CODEBU, hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu uheze. Umugambwe CODEBU wasavye kandi leta y’Uburundi ko mu mashure nshingiro yose hoshirwaho ivyigwa vy’imyuga ku banyeshure bataronse uburyo bwo kwiga amashure nshingiro.
Amakuru
25 janvier 2022