Kugira igihugu gihangane n’ubukene bw’amafaranga y’agaciro, gitegerezwa kurondera ivyo gishora hanze bitandukanye hanyuma inzego zitandukanye zikore ziyumvira uko zokwinjiza amafaranga y’agaciro mu vyo zikora. Ni zimwe mu ntererano z’umuhinga mu vy’ubutunzi, Faustin Ndikumana. Abishikirije inyuma y’aho leta isohoreye ingingo nshasha zofasha kugira amafaranga y’agaciro asubire kuboneka mu gihugu. Ingingo zitikwiye, ku bw’uwo arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo, kuko Ibanki nkuru y’igihugu idashobora kwifasha ico kibazo yonyene. Ku bwiwe, leta yategerezwa kwiga gukorera ku biharuro ivyo bita statistiques kugira imenye aho ishaka gushika.
Amakuru
15 juin 2023