Amakuru
4 juillet 2023

Inzego za leta uko zubatse zerekana ko amacakubiri ari yo ashirwa imbere

Ibikorwa vy’ubutegetsi ntibijanye na gato n’ijambo ry’umukuru w’Igihugu yavuze ku munsi w’isabukuru rigira irya 61 ry’ukwikukira kw’Uburundi. Ivyo bishikirizwa na Jean bosco Rwigemera, icegera c’uwurongoye urunani CFOR-Arusha. Avuga ko akamo ka Ndayishimiye ko kuvavanura n’amacakubiri kanyuranye n’ingendo hamwe n’amajambo y’abategetsi bo hejuru, utanguriye ku mukuru w’umugambwe CNDD-FDD n’uwurongoye Inama nshingamateka. Jean Bosco Rwigemera akaba yanaboneyeho akaryo ko kunegura ubushimwe bwahawe abantu bamwe bamwe nk’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu n’umutambukanyi w’umukuru w’Igihugu avuga ko ibikorwa vyabo bigayitse.