Amakuru
1 décembre 2021

Inyuruzwa ry’abantu rivugwa n’abaharanira agateka ka zina muntu ni ububeshi kugira bacafuze igihugu

Abategetsi b’Uburundi barabandanya guhakana ivy’abanyuruzwa n’inzego z’igihugu bagaheza bakaburwa irengero. Inyuma y’aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestre Nyandwi bahakaniye mu kwezi kwa Mukakaro guheze ko bitabaho mu Burundi, amajambo y’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Umutekano yo aza ashimangira izo mvugo. Pierre Nkurikiye yagiriza bamwe mu bajejwe agateka ka zina muntu kubesha ko abantu banyurujwe bakaburwa irengero mu ntumbero yo gucafuza igihugu. Ivyo yabivuze kuri uyu wa gatandatu uheze ariko yerekana umugabo avuga ko yabesha umuryango wiwe ko bamunyuruje.