Amakuru
30 août 2023

Inyuruzwa ry’abantu : icaha gikorwa mu Burundi gishigikiwe n’abategetsi bakuru

Kunyuruza abantu bakaburwa irengero ni bumwe mu bwicanyi bukorerwa mu Burundi bukozwe n’inzego za leta zishigikiwe na bamwe mu bategetsi b’Uburundi bo hejuru. Ivyo bishikirizwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye isekeza Ndondeza, kuri uyu wa 30 Myandagaro, umunsi mpuzamakungu wahariwe abakorewe ico caha. Pacifique Nininahazwe aributsa bamwe mu banyurujwe mu minsi iheze ya vuba, umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu ntihagire na kimwe uvuga. Ivyo kandi bikaba mu gihe umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yari yiyemeje ko agiye gukwirikirana abakora ico caha.