Amakuru
17 mai 2022

Inyuruzwa rya Rémy Niyonsaba ryabaye rireretswe n’uwurongoye umugambwe CNDD-FDD i Mbuye

Kw’igenekerezo rya 23 Gitugutu 2021 niho Rémy Niyonsaba yari asanzwe ari umwigisha muri komine Giheta, mu ntara ya Gitega, yanyuruzwa avanywe muri komine Mbuye, mu ntara ya Ngozi, aho asanzwe aba. Ku bwa Pacifique Nininahazwe, arongoye isekeza Ndondeza ry’ishirahamwe FOCODE, ngo biratangaje cane ingene umukuru w’umugambwe CNDD-FDD wo muri iyo komine atigeze atumwako ngo abazwe kw’inyuruzwa rya Rémy Niyonsaba, kandi abamutwaye babanje kumuramutsa. Pacifique Nininahazwe atera akamo umukuru w’Igihugu ko yokora ivyo yiyemeje mu mpera z’umwaka w’2021 ko agiye gukora ibishoboka akarwanya abakora bene ayo mabi.