Amakuru
4 décembre 2023

Inyungu y’ingurane muri banki ivuye kw’18% ishirwa kw’10% (BRB)

Ibanki nkuru y’igihugu yatangaje impinduka mu vy’amafaranga. Kuva ubu inyungu ku mafaranga aguranwa ivuye ku bice 18% ishizwe ku bice 10% ku mabanki yose. Umuyobozi mukuru wa BRB yabimenyeshe ku wa gatanu w’indwi iheze. Edouard Normand Bigendako yaramenyesheje kandi ko amafaranga y’amashirahamwe ari mu mafaranga mvamakungu, azorungikwa mu mabanki y’ubudandaji yahiswemwo n’ishirahamwe avuye mw’Ibanki nkuru BRB, ivyo bikazokorwa kuva mu kwezi kwa Nzero 2024.