Amakuru
19 juin 2023

Inyuma yo gukura inoti za 5 na 10, gutegeka ayashirwa canke ayakurwa mu bubiko vyaciye bihagarara

Ibanki nkuru y’igihugu irashima ko umugambi wo gukura kw’isoko inoti za kera z’amafaranga 5 000 n’iz’10 000 wagenze neza kandi wasozerewe ku wa gatandatu w’indwi iheze. Dieudonné Murengerantwari, umuyobozi mukuru wa BRB, akaba yamenyesheje ko ata kindi kiringo kizokwongerwa abatashoboye gusubiza izo noti ku gihe. Ikindi ni uko ingingo zari zafashwe zo guharurira amafaranga ashirwa mu bubiko canke akurwako zavuyeho kuva ku munsi w’Imana.