Ibibanza hamwe n’amazu vyari vyaragurishijwe na musitanteri wa komine Kiremba bitegerezwa gusubira mu minwe ya komine kuko yabigurishije hatisunzwe amategeko. Iyo ni yo ngingo yafashwe na Emmanuel Ntaconsanze, Buramatari mushasha w’intara ya Ngozi, igihe yari yishikiye muri komine Kiremba nk’uko yari yabisabwe n’umukuru w’Igihugu. Evariste Ndayishimiye yari yasavye Buramatari, kw’igenekerezo ry’09 Mukakaro 2022, ko yokora amatohora ku vyagirizwa musitanteri wa Kiremba Pascal Sebigo ko yoba yarihagiye inzu ya koperative hamwe n’ayandi matungo ya komine Kiremba.
Amakuru
19 juillet 2022
