Amakuru
14 mai 2024

Inyuma y’imyaka icenda, ukwibuka amaradiyo yigenga yasambuwe kurabandanya

Kuri uno wa 14 Rusama umwaka w’2024, imyaka icenda irarumanye neza amaradiyo atanu yigenga RPA, Isanganiro, Bonesha FM, Rema FM na Radiotélévision Renaissance bibomowe ayandi araturirwa. Ivyo vyabaye haraye habaye ugushaka guhirika ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015. Ku bwa Bob Rugurika, umuyobozi wa radio RPA, ngo ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwamanye kuva kera imigambi yo kwugara amaradiyo kuko bwatinya ibimenyeshamakuru bikora vyigenga kuko vyashira ahabona ibinyegezwa bwakora. Ariko akagumana icizere c’uko igihe kizogera amaradiyo yasambuwe agashumbushwa, n’ababikoze bagahanwa hisunzwe amategeko.