Amakuru
19 juin 2024

Inyuma y’imyaka 4 Ndayishimiye ari ku butegetsi, agateka ka zina muntu karasubiye inyuma

Agateka ka zina muntu kabandanya guhungabana mu Burundi inyuma y’imyaka 4 Evariste Ndayishimiye afashe ubutegetsi, ubutungane na bwo bukoreshwa mu bijanye no guhohotera abikekwa kutavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Ukunyuruza abantu, ugupfungira ubusa abantu ni vyo bikorerwa abanyagihugu ubutungane burorera aho gukurikirana abakora ivyo vyaha ngo bahanwe hisunzwe amategeko. Abategetsi bo berekana ko vyose vyera de ariko amashirahamwe amwe amwe akaba adasiba kwerekana ko hari amabi menshi, bikaba vyanatumye mbere umurwi w’igihugu CNIDH ukurwa mu kibanza ca A ugasubira mu murwi B.