Amakuru
16 août 2022

Inyuma y’imyaka 18 hagandaguwe Abanyamulenge 166, abacitse kw’icumu baracarindiriye ubutungane

Ku munsi wa gatandatu uheze, ni ho hibukwa ubwicanyi bw’agahomerabunwa bwakorewe Abacongomani bo mu bwoko bw’Abanyamulenge bari bahungiye mw’ikambi yo mu Gatumba. Baguye mu gitero cabaye ku wa 13 Myandagaro 2004, gikozwe n’umuhari FNL wari urongowe na Agathon Rwasa, nk’uko vyiyemerejwe n’umuvugizi wawo Pasteur Habimana. Abanyamulenge barenga 160 baragandaguwe bunyamaswa, bicwa n’umuriro wakijwe n’abo barwanyi. Kw’izina ry’Abanyamulenge, Joshua Ngiruwombaza, agasaba ko ubutungane bwaba ubwo mu Burundi, muri Congo canke mpuzamakungu bukora kugira abakoze ubwo bwicanyi bahanwe.