Amakuru
17 juillet 2024

Inyuma ya SAPOR, ibindi binyobwa bitazoba bikwije ivyangombwa bizohagarikwa (J. Ngezahayo)

Inzoga yitwa SAPOR yahagaritswe. Iyo ngingo yafashwe n’ikigo BBN kijejwe kugenzura ubuziranenge bw’ibidandazwa bitandukanye. Jérémie Ngezahayo, arongoye ico kigo, avuga ko basanze abakora iyo nzoga barabeshe, kuko ivyo bavuga ko bashiramwo, nk’ivyamwa, atari vyo. Jérémie Ngezahayo amenyesha ko n’ibindi binyobwa bidakwije ivyangombwa bizofatirwa iyo ngingo.