Amakuru
25 janvier 2023

Inyigisho z’ubuntu mu mashure zarononywe n’umugambwe uri ku butegetsi wigishirizayo urwanko

Mu mashure haratangirwa inyigisho z’urwanko bikozwe n’umugambwe uri ku butegetsi mu ntumbero yo kwiganzira ubutegetsi. Bivugwa na Eulalie Nibizi, aharanira agateka ka zina muntu akanakwirikiranira hafi igisata c’indero. Abivuze mu gihe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 24 Nzero amakungu yari aramutse ahimbaza umunsi wahariwe indero. Eulalie Nibizi avuga ko abarezi n’abayobozi b’amashure bokwamiye na bo ata nguvu bafise zo kugira igikorwa na kimwe bobuza gishakwa n’umugambwe uri ku butegetsi.