Amakuru
12 mai 2022

Inyigisho nk’iz’umugambwe CNDD-FDD zama zishikana igihugu ku gucanamwo

Inyigisho ziriko zihabwa urwaruka rw’Imbonerakure n’umugambwe CNDD-FDD zishobora gukwega akarambaraye mu gihugu. Bivugwa na Frederiko Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha, inyuma y’aho uwo mugambwe umenyeshereje ko uriko uratanga inyigisho z’akahise ku rugamba, be n’akahise k’igihugu ku rwaruka rwawo. Bamvuginyumvira akagabisha Abarundi ko n’ahandi inyigisho nk’izo zatanzwe ata kindi zavuyemwo atari ukwinubana hagati y’abanyagihugu.