Amakuru
10 février 2023

Intwaro y’umugambwe umwe nk’iya CNDD-FDD ntishobora gutsimbataza ubumwe bw’Abarundi

Igihe intwaro yiziziwe n’umugambwe umwe ntishobora gutsimbataza ubumwe mu gihugu. Bivugwa na Jérémie Minani, arongoye umugambwe w’Ihuriro ry’abaharanira intwaro rusangi, RDB. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye ashikirije ko intwaro za kera zaryanishije Abarundi. Hari mw’ijambo ryiwe ryo ku munsi mukuru w’Ubumwe bw’Abarundi. Ku bw’uwo munyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi, ubutegetsi bwa CNDD-FDD kuva bushitse, nta kindi caburanze atari ugucanishamwo Abarundi ku mvo za politike. Iyo ngendo ikaba yatumye uno munsi mu Burundi bisa n’uko hari umugambwe umwe.