Amakuru
20 juin 2024

Intwaro y’umugambwe umwe ni ryo hangiro Ndayishimiye asa n’uwamaze gushikira (CODEBU)

Intwaro ya Évariste Ndayishimiye nta kintu gishasha yigeze izana mu gisata ca politike ahubwo ibintu bitera vyunyuka kugira hasigare hakora umugambwe umwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Bisigurwa n’umugambwe CODEBU, umwe mu migambwe ikorera mu Burundi. Keffa Nibizi, arongoye uwo mugambwe, avuga ko igihe Évariste Ndayishimiye yashika ku butegetsi yari yatanze icizere biciye mu manama yagirishije abarongoye imigambwe. Ariko ko ico cizere camaze umwanya urume rumara. Uwo arongoye umugambwe CODEBU akavuga ko hariho ivyaganiriwe vyinshi bitigeze bishirwa mu ngiro hamwe n’itegeko ryashizweho rikumira iyindi migambwe mu matora Uburundi bwimirije.