Amakuru
5 juin 2024

Intwaro rusangi mu Burundi iracafise ibiyibangamira n’aho hariho icizere (CFOR-Arusha)

Intwaro rusangi mu Burundi iracafise imizi mu gihugu kuko uno munsi Abarundi barazi ko gushika ku butegetsi bica mu matora. Ariko ikibabaje n’uko abafise ubutegetsi uno munsi badafise iyo ntwaro rusangi mu mitima yabo kuko bahisemwo gukoresha inguvu nk’inzira yo kuyobora Abarundi. Ni ko bibonwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rwa politike CFOR-Arusha. Ku bwiwe, intwaro rusangi yagiye irahungabana mu Burundi kuva inyuma y’ukwikukira. Yamara Bamvuginyumvira agumana icizere ko Abarundi ari bo bonyene bashobora kwisubiza umutamana bakagarukana intwaro rusangi. Ivyo akaba abivuze muri kuno kwezi kwa Ruheshi umugambwe Sahwanya-FRODEBU witiriye ukwezi kwa demokarasi, bivuye ku ntsinzi uwo mugambwe waronse mu matora y’umukuru w’Igihugu mu mwaka w’1993.