Nta wovuga ko mu Burundi hariho intwaro rusangi muri kino gihe. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha rutavuga rumwe n’ubutegetsi. Abivuze kuri uno wa 15 Nyakanga, umunsi mpuzamakungu witiriwe intwaro rusangi. Amenyesha abategetsi ko bakwiye kumenya ko intwaro rusangi Abarundi bitebe bitebuke bazoyigarukanira.
Amakuru
15 septembre 2023