Amakuru
23 juin 2022

Intwaro rusangi hamwe n’ukwubahiriza amategeko vyasubiriwe n’ubwibone n’inzigo

Abashingamateka b’umugambwe CNL ntibarira busema mu gusaba ko bashinga umurwi w’abashingamateka bakomoka muri uwo mugambwe mu gihe bakwije ibisabwa vyose. Ukwo niko umwigisha Charles Nditije, arongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi, abivuga akaniyamiriza ihonyangwa ry’amategeko ridasiba kwibonekeza mu Nama nshingamateka. Ivyo akaba avyagiriza uwurongoye urwo rwego bivuye ku bwibone n’inzigo afitiye uyo wese adakomoka mu mugambwe arimwo wa CNDD-FDD.