Amakuru
28 décembre 2023

Integuro y’itegeko rishasha rigenga amafaranga leta izokoresha, ryaremejwe n’uturusho dushasha

Inama nshingamateka yaremeje ijana kw’ijana integuro y’itegeko ryemeza amafaranga yasubiwemwo leta y’Uburundi izokoresha mu mwaka w’2023 ushira uw’2024. Umushikiranganji w’Ikigega ca leta, Audace Niyonzima, yari yagiye gusigura iyo nteguro, amenyesha ko mu mafaranga yasubiwemwo, amafaranga aronderwa na leta angana n’imiliyalidi 426.3 z’amafranga y’amarundi mu gihe leta ubwa mbere yarondera imiliyalidi 685.1.