Amakuru
18 juin 2024

Integuro y’amafaranga leta izokoresha mu 2024-2025 nta migambi y’iterambere irimwo (PARCEM)

Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo kugira ngo bashike kw’iterambere rirama, riranegura ingene mu nteguro y’amafaranga leta izokoresha mu mwaka w’2024 ushira uw’2025, ibikorwa bisanzwe vya minsi yose ari vyo bizotwara ibice 90 % vy’ayo mafaranga. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, arababazwa n’uko ibikorwa ngirakamaro ku munyagihugu nko kurwiza umwimbu, kwubaka amabarabara, amashure, amavuriro n’ibindi, bitahawe agaciro gakwiye. Ishirahamwe PARCEM ribona ko integuro y’amafaranga leta ikoresha yari ikwiye gufatira cane cane ku bintu vya nkenerwa bihanze abanyagihugu muri kino gihe.