Amakuru
1 juin 2023

Intambwe y’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano ya Luanda na Nairobi irashimishije

Abasirikare b’akarere ka Afrika y’ubuseruko hamwe na MONUSCO bategerezwa gufasha mu gucungera umutekano w’abanyagihugu bo muri Congo bakanabafasha gusubira mu matongo yabo yahora abamwo abarwanyi ba M23 eka n’iyindi mirwi. Ivyo ni bimwe mu vyasabwe n’inama y’abarongoye ibihugu vya EAC, yaraye isozerewe i Bujumbura ku wa gatatu uheze. Peter Mathuki, umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, ari na we yasomye itangazo ryo gusozera iyo nama, yamenyesheje ko amasezerano ya Nairobi na Luanda abwirizwa kubandanya aja mu ngiro kugira abanyagihugu ba Congo baronke amahoro n’umutekano.