Amakuru
14 octobre 2021

Intambwe leta igezeko mu kurwanya Corona ni nziza ariko ni ukubandanya

Abategetsi b’Uburundi bariko baratera intambwe ifatika mu rugamba rwo kurwanya ikiza c’umugera wa Corona uravye ubutumwa butangwa nabo bwo kwipimisha. Bishikirizwa na Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’amagara y’abantu, inyuma y’ingingo y’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu itegeka abasohoka n’abinjira mu gisagara ca Bujumbura kubanza kwipimisha mu bibanza bizwi. Konakuze arashima iyo ngingo akanahimiriza leta kubandaniriza aho mu guhimiriza abanyagihugu kuja kwipimisha, gukwirikiza amategeko ajanye no kwirinda ico kiza, agasaba cane cane ko hoshirwaho politike irashe yo gucandaga abanyagihugu.