Amakuru
27 août 2024

Intambara z’urutavanako mu karere ka CIRGL ni zo ntandaro z’amabi afatiye ku gitsina (J. Ndirahisha)

Amabi afatiye ku gitsina aracibonekeza mu karere k’ibiyaga binini, cane cane mu bihugu birimwo intambara. Bivugwa na Dr Janvière Ndirahisha, umuyobozi w’akarere ajejwe igisata co kwungura ubumenyi mw’ishirahamwe CIRGL. Ndirahisha akaba asaba abakuru b’Ibihugu gukora ibishoboka vyose kugira intambara zihagarare cane cane mu karere k’ubuseruko bwa Congo.