Amakuru
21 juin 2023

Intambamyi ni nyinshi kugira twizere gushikira ihangiro 2040-2060 ry’ubutegetsi bwa Ndayishimiye

Imyaka itatu iheze Evariste Ndayishimiye atwara Uburundi nta kimenyetso cerekana ko igihugu cateye imbere, n’aho hari icakozwe mu kwiha ihangiro ryo kunagura ubutunzi. Uwo ni umwihwezo ishirahamwe PARCEM, rihamagarira Abarundi guhindura ingendo, ryasohoye ku munsi wa mbere. Faustin Ndikumana, arongoye iryo shirahamwe, avuga ko ata kintu cerekana iterambere, dufatiye kuri iki gihe hibonekeza ibura ry’ivyankenerwa kugira ubwo butunzi buduge, ni nk’ibura ry’ibitoro n’isukari. Ikindi afatirako ni ingene ubutungane bubandanya bwiziziwe n’ingorane nyinshi, bigatuma butigenga ngo bushobore kurwanya igiturire kizingamitse igihugu.