Intambamyi ziracari nyinshi kugira urwaruka mu Burundi rushobore kurangura imigambi yo kwiteza imbere. Ivyo ni ibishikirizwa na Pierre Claver Nduwumwami, umuyobozi nshingwabikorwa mu kigo BBIN kijejwe guteza imbere imigambi y’abanyagihugu. Akaba yabishikirije mu gihe kuri uyu wa kabiri hatanguzwa indwi yahariwe abikorera utwabo. Yaboneyeho no kuremesha urwaruka kubera bitoroshe kuronka isoko y’ivyo baba bahinguye kubera bizimvye kurusha ibiva hanze.
Amakuru
18 novembre 2021
