Amakuru
8 juillet 2023

Intahe z’abarokotse ubwicanyi bwo mu buseruko bwa Congo ni zo zizoha umuco CPI

Leta ya Congo itegerezwa kumenya ko ari yo ibazwa umutekano w’abanyagihugu bayo kandi itabanje kubavangura. Urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorerwa amabi atandukanye mu bice vy’ubuseruko n’ubumanuko bwa Congo hamwe n’abo mu ntara ya Ituri bo mu bwoko bw’Abahema babivuze mu kiganiro batunganije kuri uyu wa gatanu mu gisagara ca Nairobi. Iyo nama ikaba yari ifise intumbero yo guha akanya abakorewe ayo mabi kugira bashikirize intahe kw’ihonyabwoko bagirirwa n’imirwi yitwaje amacakubiri kandi iyo mirwi ikaba ibandanya kwidegemvya. Umushingwamanza Jean Paul Shyaka, akorera mu rwego rw’abashingwamanza i New York akaba kandi n’umwe muri abo baburanira abakorewe amabi, avuga ko izo ntahe ari zo zizofasha mu matohoza Sentare mpanavyaha mpuzamakungu izokorerako.