Amakuru
9 juin 2023

Inoti z’ibihumbi 5 na 10 zitegerezwa kuba zasubijwe mu kiringo c’iminsi 10 gusa

Ibanki nkuru y’igihugu iramenyesha Abarundi bose ko inoti z’10 000 hamwe n’iz’5 000 zitegerezwa gusubizwa muri banki mu kiringo kitarenze iminsi cumi uhereye kw’itariki 7 Ruheshi. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa gatatu n’Ibanki nkuru y’Uburundi, BRB, ngo izo noti zikaba zigiye gusubirizwa n’izindi nshasha. Dieudonné Murengerantwari, umuyobozi mukuru wa BRB, akaba yamenyesheje ko imvo itumye izo noti zihindurwa ari uko hari haheze iminsi izo noti zitaboneka mu mabanki nk’uko bishemeye.