Ku kibazo c’uruhigi ubutegetsi buriko buragira ku mpunzi ziba mu makambi akwiragiye mu gihugu, umugambwe MSD uvuga ko ivyo biva ku ntumbero y’ubutegetsi bwipfuza ko izo mpunzi z’abatutsi zisubira ku mitumba yabo maze bakabakoza ico bipfuza. Epitace Nshimirimana arongera akavuga ko ikibazo kitari kuri izo mpunzi kandi na leta irabizi, ariko ko ingorane ziri ku ntwaro mbi ahanini ifatiye ku gutunganya igihugu nabi.
Amakuru
27 juin 2021