Amakuru
17 août 2022

Ingorane y’amazi ni ingorane iri mu gihugu cose kiretse mu ntara za Kayanza na Rutana

Ubukene bw’amazi ntibwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura gusa, buribonekeza no mu zindi ntara zigize igihugu, kiretse mu Kayanza no mu Rutana. Bishikirizwa na Innocent Nkurunziza, umuyobozi ajejwe igisata c’amazi muri REGIDESO. Ariko ngo REGIDESO yaragize ivyigwa bitandukanye vy’imigambi y’ukuronsa abanyagihugu amazi akwiye. Ngo hasigaye kuronswa uburyo kugira iyo migambi iranguke.