Amakuru
23 septembre 2022

Ingingo zose za politike zafashwe hatembagajwe amasezerano ya Arusha zikwiye gufutwa

Ingingo zose za politike zafashwe hatembagajwe Amasezerano ya Arusha n’Ibwirizwa Nshingiro ryayakomokako zikwiye gufutwa. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rutavuga rumwe n’ubutegetsi CFOR-Arusha. Hari mw’itangazo urwo runani rwasohoye kuri uyu wa 19 Nyakanga, inyuma y’iminsi mike y’aho igisata gisubiramwo imanza ca Sentare ya Afrika y’ubuseruko giciriye urubanza rwemeza ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza cahonyanze amategeko. CFOR-Arusha igasaba kandi umukuru w’Igihugu guca atumako ibiganiro bidakumira, gutyo akazoba ashize mu ngiro urwo rubanza.