Amakuru
26 novembre 2021

Ingingo zo kubomora zikwiye kwisunga ubushobozi bw’abanyagihugu

Uravye ubukene bwugarije abanyagihugu uno munsi, leta ntiyari ikwiye kuja mw’isekeza ryo kubasamburira amazu. Bivugwa na Frederiko Bamvuginyumvira, arongoye urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta (CFOR-Arusha). Akamenyesha ko amazu ata ngorane ateje igihugu. Uwo munyepolitike asigura kandi ko abo banyagihugu bubatse ayo mazu ari uko bahawe impusha zo kwubaka n’abajejwe gutunganya ibisagara. Nimba harabaye amakosa, ngo nibo bobibazwa kuko batakoze akazi kabo bakwirikije amategeko.