Ikibazo nyamukuru c’ingingo yo kubuza amapikipiki, amakinga n’amatukutuku kugendera mu gice kinini c’igisagara ca Bujumbura cabaye mu kwiga uwo mugambi n’ingene washizwe mu ngiro. Ku bwa Faustin Ndikumana, umuhinga muvy’ubutunzi, akaba arongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira Abarundi guhindura ingendo, avuga ko vyari kuba vyiza iyo hatangurira mu kuja inama hagati y’imirwi itandukanye mu ntumbero yo kugabanya ingaruka mbi z’iyo ngingo. Ukwigisha abatwara ivyo vyuma vyunguruza abantu, cane cane mu kubereka uruhara rwabo mu kwubahiriza umutekano wo mw’ibarabara, n’igipolisi naco kigakora neza akazi kaco. Ku bw’uwo muhinga, iyo ngingo ikwiye kubanza guhagarara kubera iremereye cane abanyagihugu.
Amakuru
1 avril 2022