Amakuru
8 janvier 2022

Ingingo y’umukuru w’Igihugu yo kurekura bamwe mu banyororo igiye gushirwa mu ngiro

Mu minsi iza abanyororo bose batagirizwa ivyaha vyo kwica no gufata ku nguvu bazorekurwa. Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’Ubutungane. Domine Banyankimbona yavuze ko kuzoba ari ugushira mu ngiro ingingo y’umukuru w’Igihugu. Uwo mushikiranganji yabivuze kuri uyu wa gatanu mu nama yagiranye n’abacamanza baserukira amasentare makuru makuru ku murwa mukuru wa politike i Gitega.