Amakuru
25 octobre 2022

Ingingo y’Ubumwe bwa Buraya yo gukura ibihano ku Barundi 3 ntihumuriza abaharanira agateka ka muntu

Ubumwe bwa Buraya bwakuye ibihano ku Barundi 3, harimwo n’umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca. Abandi babiri ni Godefroid Bizimana na Léonard Ngendakumana, bose bakaba bafatiwe ivyo bihano mu ruhara rwabo mu guhungabanya umutekano n’agateka ka zina muntu. Ku bw’umuhari Iteka uharanira agateka ka zina muntu, ivyo bihano ngo ntacari gutuma bihanagurwa kuko n’ubu hakiri ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. Anschaire Nikoyagize, arongoye Ligue Iteka, asaba Sentare mpanavyaha mpuzamakungu kubandanya akazi kayo ikarengutsa mu butungane abagirizwa amabi y’ubwicanyi mu Burundi, abakuweko ibihano na bo nyene bakaba bagirizwa kuba mu batuma ubwo bwicanyi.