Amakuru
20 octobre 2022

Ingingo yo kwugurura amazu adandarizwamwo amafaranga y’agaciro izofasha mu butunzi bw’igihugu

Iyugururwa ry’amazu adandarizwamwo amafaranga y’agaciro ni ryiza ku butunzi bw’igihugu. Uko ni kwo uwurongoye ikigo c’ubudandaji n’amahinguriro mu Burundi, CFCIB, Olivier Suguru akeza iyo ngingo iherutse gufatwa na leta. Akaba yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa kabiri uheruka. Kuri we, ngo iyo ngingo ije mu mwanya yari ikenewe.