Amakuru
4 mars 2022

Ingingo yafatiwe abunguruza abantu ntiyisunze ubukene mu gihugu

Ingingo iherutse gufatwa n’umushikiranganji ajejwe umutekano ibuza amapikipiki, amakinga na tukutuku gushika mu bice vyinshi vy’igisagara ca Bujumbura ntiyisunze ubukene busanzwe bwugarije abanyagihugu. Ivyo biri mu rwandiko ishirahamwe rikangurira Abarundi guhindura ingendo (PARCEM) ryarungikiye umushikiranganji Gervais Ndirakobuca kuri uyu wa gatatu. Faustin Ndikumana, arongoye iryo shirahamwe, avuga ko iyo ngingo ubwayo iciye kubiri n’amategeko arekurira abanyagihugu kwidegemvya. Ha gufata iyo ngingo iza kwongerereza ubukene abanyagihugu, Faustin Ndikumana ashikiriza icipfuzo ko hakwiye kwongerezwa ubumenyi mu gipolisi c’Uburundi, kugira gishobore gusuzuma ibijanye n’umuvuduko ku batwara ivyo vyuma. Akabona ko hakurikijwe amategeko, ata cobuza ko abo banyagihugu baguma bakora n’amasanganya agahera.