Amakuru
31 mai 2023

Ingingo yafashwe na buramatari wa Makamba ni iyo kunyaga amatongo y’abanyagihugu

Amatongo yose atariko ararimwa muri iki gihe yo mu ntara ya Makamba agiye gufatwa na leta mu ntumbero yo kuyashikiriza abafise imigambi y’uburimyi. Françoise Ngozirazana, buramatari wa Makamba, akaba yabishikirije kuri uyu wa kabiri, mw’itangazo yashize ahabona. Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rwa politike CFOR-Arusha, ariyamiriza ihonyangwa ry’amategeko agenga ingene leta ishaka itongo ry’umunyagihugu bigenda. Akabona ko uwo mugambi ushobora kuba unyegeje kwiba amatongo y’abanyagihugu hanyuma akagabanganywa bamwe mu bategetsi, agahamagarira abanyagihugu kwicungera ku matongo yabo.