Amakuru
31 janvier 2024

Ingingo ya Ndayishimiye yo kwegurira ibibanza ababikoreramwo mu masoko yari akarenganyo (ACOBU)

Abadandaza barashima ingingo ya mairie yo gusubiza ibibanza abo bari bafitaniye amasezerano. Bivugwa n’uwurongoye ishirahamwe ry’abadandaza mu Burundi, Antoine Muzaneza. Aho ni inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yari yafashe ingingo yo kwegurira abadandaza bose ibibanza bakoreramwo. Yari yasavye mairie kwandika umudandaza wese ku kibanza akoreramwo kikaba rwiwe bwite, ACOBU imenyesha ko yasanze kwari kuba kubaye ukunyagwa.