Amakuru
26 mars 2022

Ingingo nyinshi zifatwa n’ubutegetsi nta kindi zigamije atari ukunigira Abarundi mu bukene

Leta y’umugambwe CNDD-FDD ntaco itariko irakora ngo ite Abarundi mu bukene. Biri mw’itangazo ry’umugambwe w’Abadasigana UPRONA utavuga rumwe na leta wasohoye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 24 Ntwarante. Charles Nditije, arongoye uwo mugambwe, akavuga ko ivyo bigaragazwa n’ingingo avuga ko ari iz’agahotoro zimaze iminsi zifatwa n’abategetsi. Atanga akarorero ku ngingo ibuza amapikipiki, amakinga n’amatukutuku gushika mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura, hamwe n’iburabuzwa ry’abarimyi borozi bo mu ntara ya Bururi baherutse guhabwa amezi abiri gusa ngo bazobe bahoneje ibiti vy’imikaratusi vyose hamwe n’ivyatsi vy’ishinge.