Amakuru
24 juin 2022

Ingendo y’umukuru w’Inama nshingamateka irerekana ko hari intwaro y’igikenye mu Burundi

Ibiriko biraba mu Nama nshingamateka vyerekana ko ubutegetsi bwitwa ubw’intwaro rusangi kw’izina ariko ari ubw’igikenye. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rutavuga rumwe n’ubutegetsi CFOR-Arusha. Abivuze inyuma y’aho abashingamateka bo mu mugambwe CNL bankiwe n’umukuru w’Inama nshingamateka kugira umurwi wabo, hari kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Ruheshi. Bamvuginyumvira akavuga ko iyo ngendo ariko iteye kubiri n’Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.