Amakuru
7 mai 2024

Ingendo nziza mu kazi ituma umwimbu wiyongera (Dr D. Arakaza)

Akarangamutima k’umwuga n’intwaro ibereye, ni vyo biriko vyigishwa abakozi ba leta mw’ishure ryigisha ivy’intwaro ENA. Ubushikiranganji butandukanye : ubw’Ubutungane, Akazi, Urwaruka n’inkino, Amagara y’abantu hamwe n’Ukumenyesha amakuru, bukaba ari bwo buriko burahabwa ubwo bumenyi mu bikorwa bizomara iminsi itatu. Dionise Arakaza, umuyobozi mukuru w’ishure ENA, avuga ko intumbero y’izo nyigisho ari uko abakozi bagira ingendo nziza kurusha kugira umwimbu wabo wiyongere.