Amakuru
14 avril 2022

Ingaruka z’ubukene bw’igitoro zibonekeza mu buryo bwinshi

Inzoya umunani zarapfuye ku magenekerezo y’7-8 Ndamukiza kubera ibura ry’igitoro mu mashine itanga umuyagankuba ku bitaro bikuru vyo mu Kirundo. Ivyo biri mu cegeranyo c’indwi iheze c’Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ligue Iteka. Célestin Ruribikiye, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, avuga no ku yandi mabi yakozwe mu gihugu agakorwa n’inzego zitandukanye, akarorero ni ak’abantu cumi na babiri bishwe muri ico kiringo. Agasaba ko hoba amatohoza yimbitse kugira abagize uruhara muri ayo mabi bahanwe hakurikijwe amategeko.