Amakuru
19 août 2022

Ingabo z’Uburundi muri Congo zizotuma n’ivyahuha bihuhuka ha gutora umuti

Ukwinjira kw’ingabo z’Uburundi muri Congo kuriyamirizwa n’abahurikiye mw’ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya politike (NDSCI). Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’uwurirongoye Jean Chrysostome Kijana kuri uyu wa 16 Myandagaro. Ingabo z’Uburundi na zo zari zaraye zinjiye ku mugaragaro muri Congo. NDSCI ikagiriza izo ngabo ko zitazoshobora gufasha kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho kuko muri iyo mirwi nyene harimwo iyisanzwe icuditse na leta y’Uburundi.